Ndafise Imana yo kwizigirwa Iyo niyo ngira nkuyagire Wewe unanijwe n'ivy'aha kwisi Tega amatwi iyi ndirimbo Naho Lazaro bomuta mu mva Umwami Yesu aramuzura Niwe yasutse ingabo za Farawo Mu Kiyaga Gitukura Ab'Isirayeri barajabuka Nawe uno musi aragukiza Naho amacumu yoza akugana Menya ko Yesu ariwe nkinzo Naho abo mw'isi batokwemera Iyakuremye irakuzi Ko bimeze uko Ko ufise Imana None ncuti utinya iki? Niwe yasutse ingabo za Farawo Mu Kiyaga Gitukura Ab'Isirayeri barajabuka Nawe uno musi aragukiza